SHARE

Umuririmvyi v`umurundi azwi kw`izina rya TOFY yatanguye kuririmba  murusengero aho yari umuririmvyi akongera akaba Umucuraranzi wa DRUMS , Muri 2010 niho yatangura Indirimbo yambere Doctor yayiririmbanye na HASO-B , aca nsubira kuririmba Gospel NUREME by TOFY ft FAUSTIN. Munyuma niho yaca agira Organisation y`urwaruka rw`abaririmvyi aho avuka MAGARA . Kubw`iyo Association barakoze ibitari bike aho horatunganijwe ama Concerts menshi cane no kuzana Abaririmvyi benshi bava muntara zitandukanye baje kubashigikira nka : MUKOMBOZI , LOLILO , BLACK G , CHANELLA ,BIDONDO , KING PLATA ,…N`abandi batari bake . kubw`iyo Association nyene barakoze indirimbo yo guhayagiza abaririmvyi bavuka aho MAGARA yitwa (Ngabo) munyuma yaho yarakoze n`izindi ndirimbo nyinsi zitandukanye azikorana n`abandi nk`indirimbo Mfata ukuboko by Tofy ft Paty one yakunzwe cane aho hari muri 2014. Uyo muririmvyi yaciye aja South Africa, ashitse yo ntabwo yahagaritse ingabirano yiwe yarabandanije aho yakoze (Long time) na (Nenda) by Tofy ft Steven K, aho hari muri 2015 nca yongera akora indirimbo Kalibuni by Tofy ft Auga man.muri 2016 tumaze guhura turi 3 twese (Tofy , Auga man , Steven K ) niho arikumwe n`abagenzi biwe baratanguje  Group yitwa ( 3 DH ” 3 Dope Heads) bakaba barakoze  indirimbo zitari nke n`ama Videos atari make Songs 1.Reka ngende 2.Take over 3.Mbarira 4.come back 5.Give me your time 6.Uyu muziki 7.Ndiko ndaza 8.Amaparara 9.tuko nao 10.Dutsemure………nizindi zitari nke . muri 2017 niho Tofy yaronka amahirwe yo kuririmbana n`igihngange T.I.D ( Legend ) wo mugihugu ca Tanzanie indirimbo yitwa KWANINI hanyuma nawe yongera akorana indirimbo nawe yitwa WOMAN.

Kurikirana ngaha indirimbo KWANINI.

SHARE

Leave a Reply