SHARE

Patriotisme irakenewe mu burundi si non ntiturikukira Uyo DARASA aririmba iki abarundi batoririmba?Ayo n’amwe mu majambo umuririmvyi Niyo Peter yanditse k’urubuga rwiwe biboneka ko yarashavujwe no kubona umuririmvyi Darasa yamuka mu gihugu ca Tanzaniya azoza gukorera concert mu Burundi akaba kandi ari no k’umutwe w’ikiranga iyo concert kuri tête de l’affiche. Asaba ko kuri Tête ya Affiche hojako Rally Joe hamwe na B-face on the flow. Ivyo bikaba vyerekanye ko bamwe mu bairirmvyi babarundi batakira neza umuzo wuyo muririmvyi kuko bavuga ko amahera ari mu mamiliyoni baha abaririmvyi bavuye mu bindi bihugu ko boyaha abaririmvyi babarundi.

Mukamenya ko mwene iyo myidogo imaze igihe kitari gito mu bairirmvyi babarundi aho bidogera abategura ibiteramo ko babaha amafaranga make bagaha menshi abanyamahanaga kandi batabasumvya kuririmba.

SHARE

Leave a Reply