SHARE

Mw’itangazo Reta y’uburundi yashize ahabona kuri uyu wa gatati Imenyesha ko ubutumire bwa Nyakubahwa Benjamin William Mkapa umworosha mu biganiro bihuza abarundikuwa 13 Ruhuhuma 2017.Reta y’uburundi ikamenyeshako ishimira uwo mworosha yiyemeje gufasha muri ivyo biganiro n’ugushigikira abarundi igihe cose bibonetse ko bikenewe.

Muri iryo tangazo ukwitanga n’inguvu akoresha kugira ivyo biganiro bigende neza,ivyo rero bikazotuma ivyo biganiro birangira neza nkuko yavyerekanye igihe aheruka kugendera igihugu cacu muri Kigarama 2016.Naho Leta y’uburundi ishimigikorwa ca Benjemin William Mkapa ,imenyesha yuko hibonekeza agahaze mw’itunganywa ry’inama itegekanijwe kuri uyu wa 16 gushika 18Ruhuhuma 2017 na cane cane mu bijanye n’umutumiro ,n’ibizokwigwa muri iyo nama.

Leta y’uburundi igatomora ko kuba abantu bateye imigumuko na cane cane abagomvye gutembagaza ubutegetsi baratumiwe vyaka ubwigenge igihugu c’uburundigifise.Ikindi ngo harahonyanzwe amategeko agenga igihugu cacu na cane cane ayaraba iyemererwa hamwe n’itunganywa ry’imigambwe.

Kuba Jamel Benomal umuhanuzi adasanzwe w’umunyamabanga mukuru wa Reta zunzubumwe z’Amerika yirukanywe mu Burundi ategerezwa gusubirizwa yaratumiwe ngo vyerekana nivyo iyo nama izoshikako bidashobora kugenda neza uko vyipfuzwa.

Kuri ivyo vyose Reta y’uburundi imenyesha ko idashobora kurungika intumwa zayo muri ivyo biganiro.Reta y’uburundi iti:”Nivyo abarundi barakeneye kugiranira imigenderanire myiza n’amakungu ariko n’abonyene bategerezwa kubahirizwa mu guhitamwo no mundinganizo y’ibiganiro kuko ari ivya abarundi ubwabo”.

SHARE

Leave a Reply