SHARE

Mu mugambwe FNL ubugabo burihabwa barashima ingingo y’umukuru w’igihugu na leta arongoye yo guhamagara abarundi bahungiye mumahanga ngo batahuke mu gihugu cabo c’amavukiro bikaba vyashikirijwe na Jacques Bigirimana arongoye uyo mugambwe ,aho asaba abi iyo ngingo yerekeye gufata nkankama iyo ngingo na canecane abanyepolitike kugira ngo baze bategurire hamwe n’abandi kazoza kimirije ka politike nk’ihinyanyugwa ry’ibwirizwashingiro ,guterara ivyiyumviro umugwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira ariwo CVR hamwe no gutegura amatora yo mu mwaka wi 2020.Uyo munyapolitike avuga ko adashaka no kumva mu matwi yiwe ijambo CNRED kuko kubwiwe ngo ntiyigeze ibaho agasaba abanyepolitike bayihurikiyemwo gutaha bitwa uko bahoze bitwa.

Jacques BIGIRIMANA abandanya ahamagarira abarundi gufata munda no kuguma kukivi akanamenyesha ko mu mugambwe arongoye FNL Ubugabo burihabwa biteguriye kwitaba ibiganiro bihagarikiwe n’umuhuza Benjamin MKAPA mugihe abakurikiranwa n’ubutungane bw’uburundi boba batarimwo.

SHARE

Leave a Reply