SHARE

Nyuma y’igiteramo umuririmvyi NIMBONA Jean Pierre KIDUM Uwuserukira imbere y’amategeko RadioIzere Fm,inyuma y’igiteramo caremeshejwe na Jean Pierre Nimbona Kidumu mu ntara ya Rumonge kuri Stade Ivyizigiro ;uwuserukira imbere y’amategeko Radio Izere Fm ari nayo yatumye uyo muririmvyi akorera iyo concert muri iyo ntara yarashimiye abagize iciyumviro co kwubaka Stade Ivyizigiro Yo mu Mbuga, Komine n’Intara ya Rumonge kuko vyabonetseko iyo stade ari kimwe mu bishobora guhuza abanyagihugu benshi hamwe no guteza imbere impano ziri mu rwaruka rwo muri iyo ntara.Ni no muri iyo ntumbere Benjamin BIKORIMANA aserukira Radio Izere FM yamenyesheje ko iyo radio igiye gushigikira urwaruka rufise ingabirano zitandukanye haba ursanzwe rukina umupira w’amaguru canke abaririmvyi ari naho yaciye amenyesha ko Radio Izere FM igiye gutunganya ihiganwa kubaririmvyi bo mu ntara ya Rumonge aho uwambere ashobora kuzoronka aakabahasha kangana n’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi agaca ahabwa amahirwe yo kuja gukorera indirimbo yiwe mu gihugu ca kenya.

Mukamenya ko iryo higanwa rizoba rihagarikiwe ⁽Parrain ⁾ na NIMBONA Jean Pierre KIDUM ari nawe azofasha kugira iyo ndirimbo ikorwe mu buhinga bwinshi .

SHARE

Leave a Reply