SHARE

Umuririmvyi Nimbona Kidum Jean Pierre aramenyesha Ko kumusi wa Mungu azoba ari muntara ya Cibitoke,aho n’ inyuma yurukurikirane rwibiteramo yakoze mu ntara za Gitega,Ngozi,Bujumbura Marie na Rumonge. Igiteramo azokorera muntara ya Cibitoke kuri Stade ya Buganda kizoba aricanyuma aho azoca asubira muri Kenya aho asanzwe aba. Ariko mwomenya yuko kuri uyu wagatanu hategekanijwe igiteramo mukinama aho asanzwe avuka ico giteramo kikazobera kuri stade Buganda iri mu ntara ya cibitoke.

Nkuko vyashikirijwe nuyo muririmvyi iyo concert izoba ariyo ya nyuma izosozera urukurikirane rw’ibiteramo yaramaze iminsi akora mu ntara zitandukanye mu ntumbero yo kunywanisha abarundi no gutsimbataza amahoro izo concert yari yazitaziriye KIDUM n,abagenzi biwe.

SHARE

Leave a Reply