SHARE

Patrice Evra benshi musanzwe muzi yahoze akinira umugwi wa Manchester United aho mbere ari nawe yari Kizigenga wuwo mugwi nyene wa Manchester United akaba yawuvuyemwo aja gukinira umugwi womugihu c’ubutariyano “Itali” neza na neza mu mugwi wa Juventus de Turin aho asanzwe akina kuruhande rwububamfu “le latéral gauche” akaba asanzwe afise ubwene Gihugu bwubu Fransa.

Kumyaka yiwe yamavuka 35 (ans) akaba ashaka kuva mu mugwi wa Juventus de Turin asigaranye ikiringo kingana namezi ashika kura tandatu 6.

Turangize tubamenyesha yuko Patrice Evra imigwi itarimike yarimaze iminsi iriko iramurondera haba iyo mugihugu ca Espagne canke mugihugu c’ubwongereza, n’uko kandi umukinyi Rio Ferdinand muziko yigeze kuba abica bigacika mu mugwi wa Manchester United akaba kandi yarabaye na Kizigenza w’uwo mugwi, abicishije kurubuga bwiwe rwa Instagram akaba yashoboye kuvuga ko n’ubwo Patrice Evra imyaka isa nkiriko iramujane ariko iyagiye mukibuga abazi icaba agiye gukora bisigura y’uko abifisemwo ubuhinga buhagije kubwivyo rero kubona agarutse gukinira umugwi wa Manchester United ayo ngo namahirwe ku mumenyereza Jose Mourinho

SHARE

Leave a Reply