SHARE

NIZIGIYIMANA Karim Makenze ashobora kuba yaramaze kuba agaruka mu mugwi wa Rayon Sports, kuko ibinyamakuru bitari bike vyo mu Gihugu kibanyi ca Kenya bimaze iminsi vyandika ko inyuma ye NIZIGIYIMANA Karim Makenze gutangaza icese ko ashobora kuva mu mugwi yahora akinira wongaho mu Gihugu ca Kenya witwa Gor Mahia usanzwe uri mucicaro cambere, akaba yaramaze ku wukinira ikiringo kingana nimyaka ibiri.

Karim Makenze ari muri rutonde rw’abakinyi 30, umugwi wa Rayon Sports umaze kurungika mw’ishirahamwe rya CAF kugira ngo azoshobore kubafasha mu gikombe c’ishirahamwe ca CAF kizotangura mu kwezi kwa kabiri, nuko kandi amaze iminsi agirana imyimenyerezo hamwe n’abandi bakinyi bongaho nyene mu mugwi wa Rayon Sport akaba amaze nogukina urukino rwakivandi aho Rayon Sport yariko ikina n’umugwi wa Pepiniere akaba yarashoboye kutangura mukibuga.

Tworangiza tubamenyesha y’uko NIZIGIYIMANA Karim Makenze ariwe yari yaratowe mu Gihugu ca Kenya kwariwe mukinyi yari yarigenjeje neza kurusha abandi mu mwaka w’2015-2016.

SHARE

Leave a Reply