SHARE

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF ryaraye ritangaje umukinyi w’umunyafrika aba yarigenjeje neza kurusha abandi bakinyi babanyafrika bumwaka w’2016, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rikaba ryarihweje neza bivanye n’amatora yari yarabaye kugira batore umukinyi aba yarigenjeje neza, rikaba ryaciye ritora Riyad Mahrez asanzwe avuka mugihugu ca Algeria.
Aubameyang afise ubwene gihugu bwa Gabon akaba ariwe aherutse gutwara ako gashimwe mu mwaka w’ 2015 akaba yatahukanye ikibanza cakabiri.
Yaya Touré akaba ariwe amaze gutwara ako gashimwe incuro zitanu yikurikiranya.

Ukuntu basumbijanye amanota:

Riyad Mahrez (akaba afise ubwene Gihugu bwa Algeria akaba akinira umugwi wa Leicester) – amajwi 361
Aubameyang (akaba afise ubwene Gihugu bwa Gabon akaba akinira umugwi wa Borussia) amajwi 313
Sadio Mane(akaba afise ubwene Gihugu bwa Sénégal akaba akinira umugwi wa Liverpool) amajwi 186
Twarangiza tubamenyesha y’uko ubu Riyad Mahrez afise imyaka 25 yamavuka.

SHARE

Leave a Reply