SHARE

Kuri uyu wa gatanu i genekerezo rya 30 -12-2016 Muntara ya Ngozi niho haba igiteramo kigira kabiri mu rukurikirane rw’ibiteramo vyo kw’igina no gushigikira amahoro ubururbaraye berekanye KO bakunda umuziki w’uburunndi burimwo.

Ico giteramo cabereye mu ntara ya Ngozi kukibuga c’umupira wa magaru cataziriwe KUGASAKA  kiri k’umurwa mukuru wiyo ntara kikaba caritabiriwe isinzi ry’abakunzi buyo muririmvyi.

Nimbona Jean-Pierre alias KIDUM KIBIDOakaba ashimira abanyengozi bimwe bivuye k’umutima kukuntu bitabiriye ico giteramo yataziriye KIDUM N’ABASOMAMBIKE BIWE.Nkuko uyo muririmvyi abandanya abimenyesha nuko ngaho mu ntara ya Ngozi ibintu bikaba vyari bimeze neza cane aho kuri stade kugasaka ngo abanyengozi bari barerekanye ko bakunda umuziki ndundi n’abaririmvyi babo kuko bavyitabiriye cane gose.

Ikindi Twogaruka ko nuko n’ubu umuririmvyi NIMBONA Jean Pierre KIDUM aguma atangara k’ukuntu abakunzi b’umuziki bamwitabira kandi ivyo biteramo vyose vyabaye atamwanya ukwiye baronse mubijanye na publicite canke impapuro z’ibamenyesha ivyo biteram.Ivyo bikaba bimwereka  ko abavukanyi biwe bamukunda kandi bashima ubutumwa abashikiriza mu ndirimbo ziwe.

Mu kamenya ko kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 01Nzero 2017 igihe c’isaha icenda Lacoste beach hamwe n’igenekerezo rya 06 uko kwezi nyene i Bujumbura ;aho KIDUM ahamagarira abanyabumbura kw’itabira ivyo biteramo agiye gukorera yo. Mu giteramo kizobera kuri Lacosta Beach kwinjira ni 3000 FB VIP 5.000 fb.

SHARE

Leave a Reply