SHARE

Ijambo nyenicubahiro Petero Nkurunziza,umukuru w’igihugu c’uburundi ashikirije abarundi n’amakungu,mû gusozera umwaka w’2016.

Barundi, Barundikazi, Ncuti zUburundi;

Umwaka w2016 turawusozereye, dutanguye uw2017 turi mu mahoro numutekano. Turakengurukiye Imana Mushoboravyose yazigamye kandi ikarinda Uburundi n’Abarundi muri uyu mwaka urangiye w2016.

Turipfurije Abarundi bose iyo bari hose, tutibagiye nabo bose baba mu Burundi umwaka muhire w2017, uze ubabere umwaka w’amahoro yImana.

Turashimiye inzego zitandukanye duhereye kuri Leta, Inama Nshingamateka nInama Nkenguzamateka, inzego zumutekano, eka nabo bose bakoze batiziganya kugira uyu mwaka wose urangire turi mu mahoro n’umutekano.

Ni naco gituma icivugo cuno mwaka dutanguye ari: Tugire urunani rwintamenwa mu gutsimbataza amahoro arama nintahe yukwikukira.

Barundi, Barundikazi, Ncuti zUburundi;

Umwaka w2016 urarangiye, twinjiye mu mwaka mushasha w2017. Kuva na kera na rindi, hari amahoro mu gihugu, umwaka mushasha wamye uhimbazwa mu kanyamuneza.

Muri uyu mwaka w’2016, Leta yarashoboye kurangura ibitari bike, ntitwobigarukako vyose, ariko twagomba tuvuge bimwe bimwe mu ncamake, ibindi abashikiranganji, hamwe n’abajejwe ibisata bitandukanye bazoza barabibashikiriza.

Mu Gisata camahoro numutekano: Umwaka w’2016 waranzwe namahoro n’umutekano mu gihugu cose.

Leta yari yihahe ihangiro ryo kugarukana no gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu cose. Si agaseseshwarumuri rero ko ubu mu gihugu cose harangwa amahoro n’umutekano. Ivyo tubikesha ubwira n’ubukerebutsi Leta, eka mbere n’abarundi bose babigizemwo.

Imigwi itari mike y’inkozi z’ikibi yarasambuwe, ibirwanisho vyakoreshwa n’abo bagizi ba nabi birafatwa.

Abapolisi n’abasirikare barahagarariye bimwe biboneka umutekano ku murango no mw’ijoro.

Haratunganijwe amanama n’inyigisho ku bijanye no kubungabunga no gutsimbataza umutekano, bikaba vyatumye abarundi bose bashishikara kubona akamaro ko gutsimbataza amahoro n’umutekano, kanatsinda murazi ko ariyo soko ry’iterambere.

Imigwi ihuriwemwo na bose ijejwe umutekano yarashizweho mu gihugu cose. Ivyo vyaragize akamaro na cane cane mu gisagara ca Bujumbura aho umutekano wagarutse no muri ya makaritiye abagizi ba nabi bari barononye.

Amahoro n’umutekano ntitwabigarukanye mu gihugu gusa, murazi ko abasoda nabapolisi b’abarundi bashishikaye gufashanya namakungu kugarukana amahoro n’umutekano mu bindi bihugu nka Somaliya, Côte dIvoire, Centre Afrique nahandi.

Muri ico gisata nyene, Leta yarahanganye bimwe bikomeye n’inyifato ya ba sesankuyoze bagomba kuvogera igihugu cacu. Aha muribuka amakuru n’amarementanya yashikirizwa mu binyamakuru, insamirizi n’imboneshakure zimwe zimwe ata kindi yari agamije atari gucanishamwo no kuryanisha Abarundi. Imvugo z’Abarundi bamwe bamwe eka n’abanyamahanga zaragaragayemwo umururazi wo kwimbira Uburundi icobo. Ingingo zimwe zimwe zafatwa na ba rwanka biyago zigamije kwambura Uburundi intahe yo kwikukira mu kugomba kurungika ku nguvu inteko mvamakungu.

Aha tugomba dushimire abenegihugu mwese mwahagurukiye rimwe mu budasa bwanyu mukavyiyamiriza. Dushimire kandi n’ibihugu bikunzi vyatahuye ako karenganyo Uburundi bugirirwa maze bakaguma badufashe mu mugongo. Imana Ibahezagire.

Turashimiye kandi abarundi bose umwe wese uruhara yagize kugira amahoro n’umutekano, bisasagare mu gihugu cose.Turashimiye kandi urwaruka rwari muri iyo migwi y’abagizi ba nabi rwitandukanije na yo, maze rukaza gufatanya n’abandi kwubaka igihugu, no gushira ahabona integuro zose zubwo bubisha nabo bose babakwegeye muri iyo migumuko nubwicanyi.

Tuzokwama twibuka uyu mwaka nkumwaka umwansi yaduciriye icobo ariko Imana ikaducira icanzo. Ntawokwibagira ingene Uburundi bwambitswe ibara bugasigwa iceyi ngo buriko butegura ihonyabwoko, mugihe ikiraje ishinga Abarundi ari ukumenya ukuri no kunywana no kwiteza imbere. Ubu twaramenye ko abakwiza ibinyoma ku Burundi aribo bamye badukwegera mu ndyane kuva kera na rindi. Twaramenye ko ihonyabwoko ari umugambi wabo atari umugambi wAbarundi. Nibarigumize iwabo no mitwe yabo.

Mu Gisata cUbutunzi, naho hari abadufatiye ibihano mu kuhagarika imfashanyo bahora baturonsa, Leta yaritaye ku rutare kugira ubuzima bw’igihugu bubandanye uko bwahora.

Imigambi twategekanije iraranguka ukuri kwamye, abakozi ba Leta barahembwa ku gihe ata mfashanyo. Ikigo kijejwe kwegeranya amakori (OBR) cegeranije imiliyaridi zirenga 635, bisigura ko hiyongereye imiliyaridi zirenga 60 canke hafi ibice10.5% ugereranije no mu mwaka w2015. Tuzobandanya tugendera rya ragi rya basokuru ngo amazi masabano ntamara imvyiro, kandi ngo uwutari bukuvune yokuva inyuma.

Ubu mbere harashinzwe umusi wahariwe umutangakori uhimbazwa mu kwezi kwa Kigarama aho haca hatangwa udushimwe ku batangakori bakurikiza amateko, hamwe nabatanga amakori neza canke abatanga ubuzi gusumba abandi.

Amakomine araronswa ku mwaka amahera imiriyoni 500 yemerewe yo gufasha mw’iterambere. Eka n’ibindi bikorwa vy’iterambere vyarabandanije.

Leta kandi yarabandanije umugambi wo kurwanya ibiturire no gusesagura ubutunzi bw’igihugu.

Murazi ko igitunze Abarundi ku bice birenga 90% ari ukurima nukworora. Ubushikiranganji bwuburimyi nubworozi bwaratanze amatoni arenga 34.000 yumwavu wikizungu namatoni ashika 4.300 yishwagara ku giciro kibayabaye. Bwaratanze kandi inka, impene, nibindi bitugwa bito bito vya kijambere mu gihugu cose kugira abenegihugu bagwize ifumbire, bimbure vyinshi, barwanye inzara nubukene. Turashimiye cane Abarundi bariko barashira imitahe iboneka mu burimyi nubworozi.

Amashirahamwe yarabandanije imirimo yayo mbere agenda yiyongera. Aha twovuga amashirahamwe yo gukora amasaho, ayo guhingura ifu y’ibigori, ayo guhingura imiceri, amavuta, n’ayandi).

Mu gisata camagara yabantu, abakenyezi bibungenze nabana bari munsi yimyaka itanu babandanije bavurwa ku buntu, kandi igitigiri cabo cagiye ciyongera kiva kuri 61% mu 2010 gishika kuri 79% uno mwaka.

Bitewe ninyifato zuburyarya, ingendo zigayitse no kurenza urugero zimaze kugaragara, leta izofata ingingo zibereye kugira uwo umugambi urangwe nubutungane. Twipfuza ko uwo mugambi uba uwAbarundi kandi bubaha amategeko agenga ingo nimiryango.

Leta yarabandanije gutanga ku buntu imisegetera, imiti ipfupfahaza ku barwayi ba SIDA, imiti yigituntu niyimibembe, abana nabo bararonswa incanco zitegekanijwe, kandi Uburundi buri mu bihugu vya mbere muri Afirika muri iyo migambi.

Mu gisata cindero, umugambi wo kwigisha no gutanga ku buntu ibikoresho bimwe bimwe mu mashure yintango warabandanije, abadashoboye kubandanya inyigisho zuhirira Ishure Shingiro nabo baratunganirijwe amashure yimyuga. Hejuru yivyo, haratunganijwe Amashure yakarorero agenewe abana bafise ubumenyi buhanitse.

Muri ico gisata nyene, ntitwokwibagira kuvuga ivyaranguwe mu mashure ya Kaminuza, Ayisumbuye nAmashure Shingiro. Haratunganijwe inyigisho zijanye nibihe kugira inyigisho zize zigirire akamaro abazoba bahejeje amashure akuriye Ishure Shingiro; amashure yimyuga namashule agenewe abana binkerebutsi nincabwenge gusumba abandi.

Igisata cinkino nimico kama, naco nyene carabandanije gutera imbere.

Amahiganwa yarabaye ukuri kwamye haba mu gihugu canke ku rwego mpuzamakungu. Leta rero yarabandanije ifasha mu bijanye ninkino nimico kama.

Uburundi bwarateye imbere mu mahiganwa mpuzamakungu aha twovuga ibibanza vyiza Umunonotsi Francine Niyonsaba yaronse mu mahiganwa atandukanye yagiyemwo eka nabandi bagiye bifata neza. No mu zindi nkino nyene Uburundi bwarifashe neza: twovuga nko muri judo, karate, inkino zabashingamateka nabakenguzamateka mu muryango wa Afirika yUbuseruko, nahandi.
Mu kigabane cImigenderanire, Uburundi bwarabandanije kugwiza abagenzi hisunzwe inyungu zigihugu nabenegihugu, abariho nabazokwaruka mu bihe biri imbere. Kuva mu mwaka w2015, imigenderanire yUburundi nibihugu bimwe bimwe nkUrwanda nUbubirigi yaratitutse biturutse kuri ivyo bihugu ubwavyo. Turasavye ivyo bihugu ngo vyikebuke, vyubahe amatekeko mpuzamakungu agenga imiginderanire nubwigenge bwibihugu, atari uko Uburundi buriteguriye vuba na bwango guhagarika imigenderanire yose twari dufitaniye.

Hariho namashirahamwe, ibiminyeshamakuru nabantu biyita abahinga ataco batakoze ngo bacafuze Uburundi babicishije mu vyegeranyo vyibinyoma namarementanya, ninkuru zitandukanye; vyose bifise intumbero yo gukorera inteba ishushe no kwambika iceyi Igihugu cacu. Turasubiye kubiyamiriza twongera dusaba ko amasentare twituye ko yodutunganiriza. Vyongeye, batabihevye ingingo zose zikenewe zo kuvavanura nabo zigiye gufatwa ku neza yIgihugu cacu.

Agasuzuguro kagiriwe Igihugu cacu nta gihugu cikukiye cokihanganira. Twaramenyesheje ku mugaragaro ko tutazokwigera dushigikira ishirwa mu ngiro ryingingo iyo ariyo yose izofatirwa Uburundi Leta itagishijwe inama. Nubu turabisubiyemwo, nta karenganyo, agahotoro nagasuzuguro Abarundi tuzemera ku gihugu ciza Imana yaduhaye numusi numwe, ntituzemera gusubizwa mu buja, twarikukiye.

Mu gisata cubutare harashinzwe ikigo kijejwe ubutare kugira gitunganye neza ico gisata, bakore bakwirikije amategeko, bari mu mashirahamwe, umwimbu umenyekane kandi batange amatagisi, amahera yinjire mu kigega cigihugu kuruta uko vyahora.

Mu ntumbero yo gufasha abenegihugu kwongereza amikoro no kurwanya ubukene n’inzara, Leta yarashizeho ikigega gitanga ingurane ntonto zibafasha kwishingira amashirahamwe yo kwiteza imbere. Abenegihugu bashika hafi 5.000 bakaba baracituye, naco kirabatunganiriza mu kubaha ingurane yamafaranga imiriyoni amajana ane na mirongo itatu 430.000.000.

Tuboneyeho akaryo ko gusubira kurarikira abenegihugu bose kwitwararika ibidukikije, dutere ibiti vyinshi kandi tubibungabunge, duce imikobeko, turwanye inkukura dukingire isi ndimwa yacu ninzuzi.

Kugira imigambi mikuru mikuru na mito mito isaba umuyagankuba ishobore kuranguka, Leta yarabandanije kwubaka ingomero zumuyagankuba ku nzuzi za Mpanda, Kaburantwa, Jiji, Murembwe na Rusomo. Eka nibikorwa vyo gutanga umuyagankuba mu makimine atandukanye biriko birarangurwa, kandi twimirije kwubaka umuyagankuba ukomoka ku zuba mu ntara za Gitega, Makamba na Rutana.

Ku bijanye nibigwati, hariko harakorwa icigwa cerekeye amazi meza nisuku mu bigwati 20, kugira bitunganywe neza kandi birangwemwo iterambere. Turasavye bene amazu mu bigwati kuyabamwo, atari aho naho ahabwe abayakeneye, kandi ni benshi.

Muri uyu mwaka w2016, ibikorwa vyiterambere rusangi vyarabandanije gukorwa.

Harubatswe amabarabara ya Kaburimbi ayandi arasanurwa.

Mu bikorwa rusangi, Leta ifadikanije nabenegihugu yarubatse amashure yintango, ayisumbuye na kaminuza, amavuriro, amabiro yabatware mu ntara, mu makomine no ku mitumba, amavuriro, ibitaro, ibibuga vyinkino, amasoko, ibigwati, amazi meza, eka nizindi nyubakwa zitandukanye zarubatswe mu gihugu nkamahoteri yo kwakira ingenzi, amasengero, nibindi. Vyongeye, kuva dutanguye ibikorwa rusangi, uno mwaka ni ho twinjiye inyubakwa nyinshi kandi ziteye igomwe.

Ibikorwa vyo kwubaka Ikirimba cUmukuru wigihugu navyo bigeze ku rugero rushimishije.

Tuboneyeho akanya ko gushimira abo bose babandanya bafasha mwiterambere ryigihugu.
Turashimiye intara za Cibitoke, Ngozi na Gitega zabaye iza mbere mu gutunganya no mu kurangura imigambi yiterambere. Turashimiye namakomine ya Gihanga, Mutumba, Mwumba na Rumonge yabaye aya mbere. Dusavye amakomine nka Bururi, Mpinga-Kayove na cane cane Mukike yaraye asubiye kuba ayanyuma kwikubita agashi.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’uburundi;

Muri uwu mwaka dutanguye hategekanijwe ibi bikurikira:

Ibikorwa nyezina vyUmugwi ujejwe ukuri no gufasha Abarundi gusubiza hamwe bizobandanya.

Hazoshingwa umugwi wo kwiga no guhinyanyura ingingo zimwe zimwe z’Ibwirizwa Shingiro, kugira zisunge ibihe tugezemwo namategeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igikumu, na cane cane iyinjira ryUburundi mu muryango wa Afirika yUbuseruko EAC; vyose bikazokwisunga ivyasabwe nabenegihugu mu mice itandukanye barimwo.

Tuzobandanya imigambi ihambaye twatanguye nko kugabanya ubusumbasumbane bwimishahara yabakozi ba Leta; kugwiza umuyagankuba; gukingira ibidukikije; kuvura ku buntu abakenyezi bibungenze nabana bari munsi yimyaka itanu; kwigisha ku buntu abana bo mu mashure yintango; gutanga imisegetera, niyindi migambi myiza yo kuramira abenegihugu.

Naho amahoro numutekano vyateye imbere mu gihugu, Leta izoguma irikanuye kugira ntihagire uwuduca mu ryahumye. Aha rero duhamagarira Abarundi bose kubandanya bahagararira amahoro numutekano aho babaye kandi bakadoma urutoke kuri ivyo vyose bibateye amakenga, baciye muri ya mirwi yumutekano bahurikiyemwo bose.

Tuboneye akaryo ko gutera akamo abo bose bagifise agatima ko kudurumbanya ko bobiheba. Twongeye kubibutsa ko uwuzowucana azowota kandi uwuzotera intambara izohera iwe iherere iwe. Uwuzowucana tuzowumuzimirizako. Leta iriteguye kugwanya ico cose coza guhungabanya umutekano wAbarundi, aho cozanana hose, uko coba kimeze kwose.
Ibihungabanya umutekano mu gihugu ni vyinshi, hariho kandi ubusuma, guharika, abatwara inda zindaro, abanywa ibiyayuramutwe nibindi. Leta rero izobandanya umugambi wayo wo kurwanya ivyo vyose nkuko yahora ibikora, mbere no kubihasha bijemwo.

Nkuko Ibwirizwa Shingiro ribivuga, tuzoshishikara gukingira imbibe no kwubahiriza ukwikukira kwigihugu cUburundi. Abirata ko bashobora kuvogera igihugu cacu ni bateshwe bate. Turasubiye kubagabisha tubibutsa ko uwuzorukarisha ruzomumwa. Vyongeye, tuzobandanya guhagararira Ubumwe bwAbarundi.

Mu bijanye nabasoda bacu bagiye gufasha kugarukana amahoro numutekano, igikorwa bakoze kirashimishije naho hariho abagiye baradutega imitego na cane cane mu kwima agashirukabute abasoda bacu. Uyu mwaka Leta turongoye igiye kubihagurukira bibaye ngombwa twitwarire abo baturenganya. Ako karenganyo gafatiye ku guhohotera agateka ka zina muntu mu kwima umushahara abawukoreye tuzogaserura.

Dusavye ko amasezerano hagati yUburundi nUbumwe bwa Afrika yubahirizwa. Mu gihe uyu mwaka w2016 worangira ico kibazo kitarava mu nzira, Uburundi buzofata ingingo yo gutahukana inteko zabwo kuko ari ugusesaguza Igihugu cacu no kuducura bufuni na buhoro.

Twisunze ivyavuye mu biganiro vyabaye, amategeko azosubirwamwo, na cane cane amategeko yerekeye ibihano bihabwa abakoze ibikorwa vyagahomerabunwa, abafashwe bonona ubutunzi bwigihugu canke abariye ibiturire, tutibagiye amategeko yo gukingira ingo, imiryango nimibano.

Leta izobandanya ibikorwa vyo guteza imbere igihugu:
Amabarabara atarahera gushirwamwo ikaburimbo azobandanya gukorwa. Imana idufashije hazokwubakwa nayandi mashasha.

Mu ntumbero yo kugwiza umuyagankuba, ingomero zumuyagankuba ziriko zirubakwa zizobandanya zubakwa, twongere dutangure na zishasha.
Inyubakwa rusangi nkamashure, amavuriro, ibitaro, amasoko, ibigwati, ibibuga vyinkino nibindi, navyo nyene Leta izobibandanya ifadikanije nabenegihugu mu bikorwa rusangi, tutibagiye ibidukikije, isuku mu ngo, mu bisagara naho hose rikenewe.

Kugira ubutunzi bwigihugu numwimbu bikomeze kwiyongera, Leta izobandanya politike yo kworohereza abagwizatunga, amakori namatagisi bitangwe atawuriye imitsi uwundi, nayo amashirahamwe ya Leta canke ayo Leta ifisemwo imitahe anagurwe kandi atunganywe neza.

Mu mibano, guteza imbere inkino nimico kama yAbarundi, Leta ntizodohoka ku mugambi wo gushigikira abafise amikoro make, gushigikira inkino zitandukanye nabo bose bafise imigambi myiza yo gukingira no guteza imbere imico myiza nakaranga vyacu.

Barundi, Barundikazi, Ncuti zUburundi;

Mu gusozera, twashaka tubagire inama:

Turibukije Abarundi ko Uburundi ari Igihugu cacu, Umurima wisangi dusangiye nImana. Dutegere kandi tuzirikane ko ata munyamahanga azokunda Uburundi kurusha Benebwo.

Twese tugire urunani rwintamenwa turangure imigambi yiterambere turi mu mashirahamwe. Dukunde ibikorwa kandi dukoreshe neza ubutunzi dufise.

Tugire urunani rwintamenwa tugendere imico kama yacu, twubahirize akaranga kacu, turangwe nubuntu mu mvugo no mu ngiro, imisi yose na hose.

Duhamagariye Abarundi bose nabakunzi bUburundi kwima amatwi nuburyo ababacako bashaka kudusubiza mu marira namaganya.

Dusavye inzego zubutungane ninyamiramabi kwama na ntaryo bitwararika iteka nitekane ryabenegihugu.

Dusavye Abarundi kwijukira amashirahamwe, yaba ayo kwiteza imbere canke ayo gukingira ibidukikije mu makomine yose agize igihugu cacu.

Tugaragaze umutima wo gukunda Igihugu cacu, intwari nka Ntare Rushatsi, Ntare Rugamba, Mwezi Gisabo, Rwagasore, Ndadaye, Ngendandumwe nabandi batubere akororero keza.

Twiteho gutanga amakori namatagisi, tuzamure ubutunzi bwIgihugu cacu, dusezere ingeso yo gutega amashi abatatubabaye na gato.

Twiteho kurusha indero yurwaruka rwacu, twamirire kure inyifato zisambura.

Dusavye Abarundi na cane cane urwaruka kwirinda ubunebwe no kugendana nabagenzi babayovya. Mwame muzirikana aya majambo meza avuga ngo: Hahiriwe umuntu atagendera mu nama zababi, adahagarara mu nzira zabanyavyaha, akicarana nabacokoranyi. Ababikora bamenye ko Imana izobagaragaza.

Abamenyeshamakuru tubasavye gutunganya ibiganiro bifasha mu gukomeza Ubumwe bwAbarundi, amahoro numutekano, iterambere, kugira amagara meza no gukomeza indero kavukire nimico kama vyAbarundi.

Turasavye abanyamahanga baba mu Burundi, ko bohaba bisunze amategeko yigihugu, kandi bafise ivyangombwa bikwiye. Abatabifise bihute kubirondera.

Abaserukira ibihugu namashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi, tubasavye kwubahiriza amategeko no gutanga inkuru zukuri ku Burundi. Tubasavye kandi kwirinda ico cose cotosekaza imico nimigenzo vyacu. Mu bikorwa vyabo, basabwe kwubahiriza no kugendera amasezerano ninyifato bijanye nkukwo bikorwa bikubahirizwa mu bihugu vyabo.

Inzego za Leta nazo tuzisavye kurikanura ngo ntizigwe mu mitego, zitondere amategeko namasezerano agenga imigenderanire nugufashanya, bibaye ngombwa ziture Ubushikiranganji bubijejwe.

Barundi, Barundikazi, Ncuti zUburundi;

Turasubiye gutera akamo Abarundi bari hanze yigihugu ataco biyagiriza ngo bikubite agashi. Turazi ko hariho bamwe muri bo bahenzwe, turazi ko hariho nabandi bihenze. Abo bose nibamenye ko kugwa ari ibisanwe, ikibi ni ukurwa ntuvyuke. Twipfuza ko bose botahuka mu mwaka w2017. Abarundi bariteguriye kubakira, nibaze dufashanye kwubaka igihugu cacu, twongere dutegurire hamwe amatora y2020 kuko igihe ari iki inyene.

Akamo ko gutahuka mu Burundi tugateye kandi impunzi z’Abarundi aho ziri hose. Umwaka w’2017 n’ube umwaka w’ihungūka. Amahoro n’umutekano mu Burundi si agaseseshwarumuri, kandi Leta iriteguriye kubakira neza.

Turashimiye cane abamaze gutahuka bitabira akamo tudahengeshanya gutera. Tuboneyeho gusaba ibihugu vyakiriye impunzi zAbarundi nishirahamwe HCR ngo borohereze impunzi zipfuza gutahuka.

Muri iyi misi mikuru irangiza umwaka, tubasavye kuguma muri maso, muteramire umutekano waho mubaye.

Mu gusozera, Turasubiye gushimira abenegihugu ingene mu budasa bwanyu muguma mushigikiye ubwigenge bwanyu nubwIgihugu mufatanye mu nda. Turashimiye nabo bose baterereye mu kugarukana amahoro numutekano no mwirangurwa ryimigambi yiterambere. Tubasavye ngo mubandanye ico gikorwa ciza.

Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka nitekane mu gihugu, twisunze Ingingo y113 yIbwirizwa Shingiro, twagiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, abamaze ¾ (bitatu vya bine) mu mvuto; twongera tugabaniriza ibihano abanyororo batandukanye, bose hisunzwe uburemere bwivyaha bagirizwa ninyifato yabo mu mabohero barimwo. Kubera iyo ngingo, abanyororo bababa 2500 bagiye kwidegemvya. Tubasavye kwirinda ico cose cotuma igiti kibakora mu jisho kabiri.

Turasubiriye kubipfuriza mwese umwaka mwiza w2017, umwaka wAmahoro yImana no kuroranirwa muri vyose na hose. « Tugire urunani rwintamenwa mu gutsimbataza amahoro arama nintahe yukwikukira».

Imana ibahezagire kandi ibazigame,
Murakoze.

SHARE

Leave a Reply