SHARE

Kuri uyu wa gatatu niho umuririmvyi NIMBONA Jean Pierre KIDUM yatangura urukurikirane rw’ibiteramo yataziere KIDUM N’ABASOMA MBIKE BIWE.Muri ivyo bityeramo bifise ahanini intumbero yo kunywanisha abarundi biciye mu mu muziki ,vyaraye bibonetse ko uyo muririmvyi yateguye ivyo biteramo abarundi babishashaye kuko nko mu ntara ya Gitega nta Publicite n’imwe yakozwe ariko abanyagitega bumvise ko Kidum yaje kubateramisha baciye bamwitabira kuburyo abantu isinzi aribo bari muri cio giteramo .Isangi tukaba twagerageje kurondera NIMBONA Jean Pierre KIDUM aratubwira ko ashima ukuntu iyo concert yagenze aranashira abanyagitega kukuntu bamwitabiriye kandi ata publicite n’imwe yakozwe.Nimbona Jean Pierre KIDUM aremeza ko ivyo yaraye abonye atawundi muririmvyi wo muri kano karere yobikora ngo bishoboke agira ati:

“Ibintu naraye mbonye novuga nti ni magie yabaye kuko nta muririmvyi numwe ashobora gukora concert ata pub n’imwe yakozwe ngo abantu bamwitabe.Ndabaye umuririmvyi wambere muri Africa y’ubuseruko akoze concert idafise affiche nimwe muma lieux publics , nta spot publicitaire kiretse gukora promotion yumusi umwe aho bambonye igitega kumusi wagatatu uyo musi nyene hakaba Ariho concert yaciye iba . Ibi bavyita gukundwa nokubahwa . Bantu b’ I Gitega ndabashimiye cane bivuye kumutima , Radio Humuriza , radio star fm , Team Cyrillo , Empire Team , Primus , Radio Nderagakura , Comissaire provincial wa Gitega , Na musitanteri wa Gitega , nukuri kumusi umwe gusa mwerekanye ko mufise force yo Ku mobilisant abantu . Nzogaruka Kandi I Gitega muri kazoza KA hafi .”

Bikaba bitegekanijwe ko KIDUM azokora iyindi concert mu ntara ya Ngozi kuri stade KUGASAKA iri k’umugwa mukuru wIYO ntara ,aho azoba ari kumwe n’umuririmvyi Dr Claude nawe yabiciye bigacika ngaho i Gitega.Kurikirana agace gatoyi kukuntu concert yagenze aho i Gitega.

SHARE

Leave a Reply